Jimbere

Kirundi French English
Ijwi ry'Abana

Ugukotesha abana basabiriza mw’ibarabara, ingendo yo kugwanya

Si agaseseshwarumuri, iyo ngendo ngo itunze abatari bake, babeshejweho n’akuya k’abana birigwa barasabiriza mw’ibaraba. Kandi ngo akanoti koba kaboneka.

Iyo bavuze abana bo mw’ibaraba, nkuko bimenyeshwa na Christine Ntahe « Maman dimanche » akaba umuvyeyi w’abana batari bake bo mw’ibarabara, ngo bari ubwoko bubiri. Hari abasanzwe bibera mur’iryo barabara, bakarara musi y’ibiraro, mu bizu vyabomotse, canke bakirarira hanze imbere y’amazu ya barundi, hakaba n’uwundi mugwi w’abirigwa muri iryo barabara hanyuma bwije bagataha. Uwo mugwi wa kabiri rero ngo ni wo urimwo abo bana bakoteshwa, bakaja gusabiriza.

Turakunze guhura n’abo kenshi iyo turiko turarengana haba mw’ibarabara canke ahandi hose. Ijambo bakunze gukoresha iyo bariko barasabiriza ni « Mpa ijana ngure agatumbura ndashonje ».

Ariko burya iyo ugumije akajisho kuri mwen’abo bana, ubona bashira amahera baronse uwundi muntu akuze.

Uwu nawe araheza akabahemba inticantikize, mbere hari n’aho ata co abaha.

😨 BIRIKO BIBA TURORERA: ingeso mu gisagara ca #Bujumbura aho hari abasigaye bakodesha abagendana ubumuga bakabazana…

Publiée par JimbereMagazine sur Mercredi 4 novembre 2020

Chadrack Irakoze, umwana w’imyaka 8, aba ku Buterere i Bujumbura, atuyagira ko ubwo buzima abumazemwo imyaka ibiri: «Iwacu aho mvuka ni mu Kayanza i Kabarore. Namanutse i Bujumbura mpunze muka data kuko yari yaramboreje igufa kubera inkoni nyinshi, bimaze kundenga nca nja kumurwa mukuru w’intara ya Kayanza, nenena ku kiduga kimanutse, gushika i Bujumbura. Sinagira aho nshikira, nta ncuti, nta mugenzi. Ico gisagara mubona caramize ndabura iyonja n’iyomva

Ico yita amakiriro, Chadrack yakironse ku Buterere, amaze kurara kabiri mw’ibarabara, inzara izura inzara igomba imwice. «Barandangiye ko ku Buterere hoba hari abagiraneza bakunze gufasha abana bo mw’ibarabara. Maze kujayo, barandangiye umuntu yomfasha, akampa indaro, imfungurwa, mugabo akampa igikorwa ntegerezwa kurangura:Gusabiriza mw’ibarabara, nkamuzanira akanoti, akampamwo make.»

Chadrack we abibona mwo itombora rikomeye. «Ndazinduka cane, mu bucagucagu mba nshitse mu gisagara hagati. Nta ho mfise nguma kugira nsabirize, nguma ntembera. Hari igihe ndonka agatubutse, n’igihe mbura. Ayo ndonse yose ndamushira iyo ntashe, nawe akampa igihumbi, akangaburira, akampa n’aho ndryama, Kuri jewe mbona ko natomboye cane. Hari benshi bipfuza aho bokika umusaya mugabo ntibaharonke»

Ntibari bwagere gukora

Ukwo gukoresha abo bana bifatwa nk’ico bita ubucakara.

Nk’uko biri mu ndinganizo z’ubushikiranganji bw’ubutungane mu Burundi, ubucakara ku bana ni ibikorwa ivyo ari vyo vyose vyo kwiteza imbere bikozwe n’umwana atarakwiza imyaka 18 vyaba ibitanga agashahara canke bitagatanga, ibizwi n’amategeko canke bitazwi.

Aho rero bikaba bifise inkomoko zitandukanye, harimwo amikoro make, intambara, uruja n’uruza rw’abirukira kuba mu bisagara, igwirirana ry’abantu, ikibano, na cane cane abavyeyi bafata nabi abana babo.

Hoba hari n’abavyeyi bashigikira iyo ngendo ngo umwana akwiye kumenyera gukora hakiri kare kugira azokwibesheho muri kazoza.

Ico amategeko abivugako

Yaba amategeko mpuzamakungu, ibwirizwashingiro ry’Uburundi (mu ngingo zaryo za 19, 30, 44 na 45) canke itegeko rigenga abakozi n’akazi, vyose birihanikiriza ugukoresha abana batarakwiza imyaka. Hano rero iwacu, itegeko rigenga ivy’akazi ritegekanya ko umwana atarakwiza imyaka 18 ata kazi aba akwiye gukoreshwa. Maze ivyo bigasigura ko umuntu, uruganda canke ikigo gikoresha ben’abo bana, kubikora giciye kubiri n’amategeko.

Barayamaze bati : « Izija guhona zihera mu ruhongore, abarundi twese dukwiye kwikubita agashi tukamenya ko uruhara rwacu ari ntangere mu gukingira kazoza k’abo bana, nakare ni bo Burundi bw’ejo. »

Inkuru yatororokanijwe na Joyeux Noël Iteriteka, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top