Jimbere

Kirundi French English
INDERO

Ukwigisha ibijanye n’ibisabwa kw’isoko y’akazi, igice ca mbere

Kw’isoko y’akazi mu Burundi, urwaruka rwamaze amashure ntirukunze kwisangamwo : benshi muri rwo nta bumenyi canke uburambe mu kazi bagira. Baraca hasi kubura hejuru barondera akazi ariko bikagorana. Pr Gabriel Vyuzura atera akamo ubushikiranganji bw’indero kuryohora ubumenyi batanga bukajana no kwigisha abarerwa ibijanye n’ibiri kw’isoko y’akazi. 

Ibijanye n’inyigisho mu burundi vyarateye imbere muri iyi myaka iheze, ariko akanovera kazo ntikaratera imbere. Hanyuma, kuva mu mwaka wa 2015, haratangujwe umugambi mu mashure y’intango wiswe Twige twese. Ibitigiri vy’abanyeshure mu birasi vyaciye bitangura kwiyongera ku mwaka ku mwaka. Ariko nubwo Reta y’Uburundi yashizemwo inguvu, ibitigiri vy’abigisha b’umwuga babinonosoye ntibiyongera bikwiye. Aho nyene hiyongerako ubukene bw’ibikoresho vy’ishure, ibitabu, ibikoresho bikoreshwa mu maraboratwari… ivyo vyose bigatungwa agatoki n’abahinga mu bijanye n’inyigisho ko bituma indero mu mashure y’intango itagira akanovera gakwiye. 

Dutere iyindi ntambwe, maze tugire umwihwezo ku nyigisho zo mu mashure yisumbuye zitangwa ariko ugasanga ntizigihuye n’ibisabwa kw’isoko y’akazi. N’urwaruka ruri ku mashure rwaramaze kubibona. Akarorero kamwe gashobora kuvyerekana neza, reka dufatire wanashaka kw’itangazo ryasohowe n’umushikiranganji w’Indero ryo ku wa 21 Ruhuhuma 2020, aho ryahamagarira abanyeshure bari barangije amashure yisumbuye gucagura ibisata bipfuza kubandanya muri kaminuza y’Uburundi, umwaka wa 2020-2021. Baracaguye ivyo bashaka, ariko kaminuza iza gusanga hari ibisata bitigeze bicagurwa. Muri make hari ibisata bigaragara. Umugwi ujejwe guha ibisata abanyeshure bazigamwo wandurutse ufata ingingo yo kubibarungikamwo ku nguvu. Ico rero kikaba ari ikimenyetso gishobora gusigura vyinshi ku bijanye n’uko ibisata biri muri kaminuza bidahuye n’ivyo abanyeshure bipfuza kwiga. 

Ubu mu Burundi hari amakaminuza aharurirwa mu mirongitanu yemewe n’amategeko, kandi buri mwaka abanyeshure barenga ibihumbi cumi baraheza kaminuza. Ariko none abo bose baca bajahe ? Pr Gabriel Vyuzura yanonosoye ivyigwa vy’inyifato akaba n’umwigisha kuri kaminuza y’Uburundi agira ati : « Ubushikiranganji bw’Indero mu Burundi burakwiye kuryohora no kuraba ubundi buhinga bwo kwigisha. Harakenewe abigisha b’umwuga banonosoye ibijanye no kwigisha. Ikibazo gica kiza ni ukumenya aho amafaranga yo guhemba abo bigisha kugira bashire mu ngiro uwo mugambi azova. » Ugiye kuraba ku rubuga, mu vyukuri haribonekeza agahaze ku bijanye n’ubumenyi rw’abo banyeshure barangiza amashure hamwe n’abakozi baba bakenewe ku kazi. Kenshi na kenshi ivyo baba barize mw’ishure usanga bidahuye n’ivyo baba bitezweko kw’isoko y’akazi. Ubu ni umengo bisigaye ari ibintu bisanzwe kubona umunyeshure yize ibijanye n’inyubako ariko akora ibijanye no guhindura indimi nko mw’ishirahamwe mpuzamakungu. 

Uyo mwigisha yongera ati : « Mw’ishure bigisha ivyigwa vyo gufata ku mutwe aho kwigisha ibituma abanyeshure bagerageza gukora ivyo babona. Ikindi kandi, ibisata vyigisha ivyigwa vy’ubuhinga usanga bitagira ibikoresho vyo kwigisha abanyeshure bongera bashira mu ngiro ivyo biga (pratique). Abo banyeshure baheza bafise vyinshi mu mitwe ariko ata na kimwe bashoboye gukora. » Biragaragara neza ko urwaruka rurangiza amashure rutaba ruzi neza ivyo ruzokora inyuma yo guheza kwiga. Abakoresha baragerageza rimwe na rimwe kubaha akazi ariko bagasanga ntaciyongera. 

Igishoboka ugasanga ni ukwitunganiriza imigambi. Muri iki gihe urwaruka rwize ruhamagarirwa kwishira hamwe mu makoperative n’amashirahamwe…gutyo ngo bakunde biyibagize ko bize. Ariko rero wokwibaza uti : Twipfuza urwaruka rwitunganiriza imigambi kubera rubihindiwemwo canke twipfuza ababijamwo kubera bavyiyumvamwo ? ibikurikira muzobisanga mu nkuru zizosohoka mu nomero y’iki gitabu ikurikira. 

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top