Jimbere

Kirundi French English
UBUTUNZI

Mu mugambi w’amakoperative, n’abakora akazi ka «taxi-vélo» ntibasigaye inyuma

Abakora akazi ko kwunguruza abantu n’ibintu bakoresheje amakinga mu gisagara ca Bujumbura ubuzima ntibuboro-hera. Mu gihe baba bavuye ruguru bazi ko baje kubukura mu cibo ndetse n’imiryango yabo igashikirwa akenshi siko bigenda. Amafaranga binjiza ni make kandi ivyo bakenera buri musi navyo bikaba bikenera uburyo butari buke. Mu Nyakabiga, abakora uwo mwuga basa naho batoreye inyishu ico kibazo.

Kwinjiza amafaranga yotunga umuryango na « taxi-vélo » bisa naho bidashoboka. Marcel akora ako kazi arasigura ahahagaze ingorane : « Akazi kacu ubwa mbere kadusaba inguvu nyinshi. Dutegerezwa gufungura n’imiburiburi gatatu ku munsi kandi neza. Gutyo kw’isahani y’ivyo kurya itagurwa musi y’igihumbi (1.000 Fbu), buri munsi amafaranga arenga ibihumbi bitatu (3.000 Fbu) arasohoka umufuko kubwo gufungura gusa. Aho rero ntihavuzwe ko ikinga ishobora gupfa igakoreshwa ku buryo buri hagati ya 500 Fbu gushika kuri 700 Fbu n’ayarenga, ivyo kuriha inzu, kwivuza, n’ibindi biza giturumbuka bikenera amahera. »

Nk’uko Marcel yakomeje abitwiganira, ako kazi ko kwunguruza abantu n’ibintu hakoreshejwe ikinga, karashobora kwinjiza amafaranga ari hagati ya 5.000 Fbu na 6.000 Fbu. Ku baba bakoresha amakinga atari ayabo, baratanga 1.200Fbu kuri nyene ikinga buri munsi. Dufatiye rero ku bikenera amafaranga tumaze kwumva aho hejuru, ntibitangaje kwumva ko uwukoresha ikinga ashobora kudashika kuri rya hangiro ryo kwiteza imbere no gufasha imiryango biciye muri ako kazi.

Kuja muri koperative, inyishu kuri izo ngorane

Akamo ka reta ko guhamagarira abantu bose kuja hamwe mu makoperative ntikaciye inyuma y’amatwi ku bakora akazi ko kwunguruza abantu n’ibintu bakoresheje ikinga muri karitiye Nyakabiga, mu gisagara aca Bujumbura. Babitoreyemwo akaryo nyabuna ko guhangana n’ikibazo co kwiteza imbere.

Igenekerezo rya 11 Munyonyo 2020, koperative y’aba «taxi-vélos» bo muri Mukaza ihurikiwemwo n’abakora akora ako kazi yarabonye izuba. Mu ntango zayo iyo koperative yari igizwe n’abanywanyi 37 ihava irahurumbirwa cane aho ubu igeze kubashika 65, harimwo n’abakenyezi batanu bakora urudandazwa ruto muri ako karere ka Nyakabiga.

Kugira baronke uburyo bakoresha nka koperative, abo banywanyi barashira hamwe uburyo bwabo. Mu ntango batanguye umwe wese atanga amafaranga ijana (100 Fbu) ku musi, mu nyuma barayongereza batanga 1.500 Fbu ku ndwi, nayo nyene barayaduza kandi ku gushaka kwabo bayashitsa kuri 2.000 Fbu ku kiringo c’indwi imwe nyene. Ubu bakaba baharura ubutunzi bwabo mu miriyoni zitatu zose (3.000.000 Fbu) ku mezi 6 yonyene bamaze batanguye.Ibikorwa vy’iyo koperative bikaba bishingiye ku guhana ingurane ntonto (zigarukira kuri 150.000 Fbu) hagati yabo zisubizanywa inyungu yumvikanyweko na bose y’ibice 10 kw’ijana (10%) ku kwezi.

Iruhande y’ivyo barashira amahera no mu migambi yinjiza amafaranga aho ubu bamaze kwugurura akabare k’inzoga z’ikirundi n’izo mu mahinguriro aho nyene mu Nyakabiga.

Nubwo intambamyi zitabuze, ivyo birata n’imigambi ya kazoza

Kubw’ingurane bahanahana, ivyo birata mu gihe gito bamaze batanguye si bike. Igihe twabagendera, twasanze ari akanyamuneza kadasanzwe kuri Pascal yari avuye ruguru kwimbura itoni n’igice y’ibiraya yari yarimye akoresheje umutahe umutahe yongereje n’ingurane ya 130.000 Fbu aronse muri koperative. Eka n’abandi banywanyi b’iyo koperative muri rusangi barashima ku kugene basigaye boroherwa kubw’iyo ngurane bagashobora gukoresha vyoroshe amakinga yabo igihe yahuye n’utubazo, kuronka ayo kuriha inzu babamwo, kugura ibikoresho vy’ishure vy’abana babo, kwivuza n’ibindi.

Mu migambi ya kazoza, bategekanya gutanguza inzu y’uburiro (« restaurant »), gushinga urusyo rw’ikizungu hamwe no kwugurura inzu y’idandarizo ry’ibikoresho vy’amakinga basanzwe bagura ku bandi. Baranategekanya gutanguza umugambi wo kuvuzanya hagati yabo n’imiryango yabo (« mutuelle ») nk’uko twabiyagiwe na Nestor ajejwe ikigega c’iyo koperative. Nayo Evariste ayirongoye amenyesha ko bazitangira uko bishoboka kwose uwo mugambi batanguye mbere agasaba na Reta ko nabo nyene yobaraba ryiza ikabashigikira mu kubaronsa uburyo bwo gushika kw’ihangiro ryo kugwanya ubukene no gutegura kazoza keza bihaye.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top