Jimbere

Kirundi French English
INDERO

Vuba umupoil arasezerera Posita kuko ibiciro vyayo bitamworohereza

Inyuma y’aho abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi baboneye ihindagurika ry’ibiciro vy’uturesi twavuye ku 700F tugasimbira ku 3000F, amafaranga bakatwa ku kwezi akava ku 1500F akaja ku 2500F, abaserukira abanyeshure bakoranye kuri uwu wa 20 munyonyo mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene bosezerera Posita bakimukira mu yindi banki iborohereza nka CRDB…

Amezi 4 ararumanye ubuyobozi bw’amaposita mu Burundi busohoye ikete N.réf :1560 V.ref :732/DG/2019 rimenyesha abanywanyi bose ko itegeko 732/481/DIR/C.M/Z.G/2003 ryo ku wa 06/05/2003 rigenga ibiciro vy’uturesi ryahindutse, kamwe kava ku 700F kaja ku 3000F. Ntivyanezereje namba abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi muri rusangi kuko kuva iryo tegeko risohotse babuze ayo bacira n’ayo bamira, imyidogo iba myinshi ubona ko n’udufaranga bironkera twari dusanzwe ari duke nk’uko abo banyeshure bavyivugira.

Burya rero ngo umunyeshure aba mu buraro bwa kaminuza kuri konti yiwe ashirirwa ko amafaranga 10.000F gusa ku kwezi. Ayo nyene ni na yo bahindukira bagakura ko amafaranga 2500F (tenue de compte). Iyo asanzwe adafise agatabu ko kubikurira ko na ho, mu kumuha akaresi abanza gukurwa ko ayandi 3000F maze akabona kubikura 4500F, akaba ari yo aba arikora ko mu kurindira ko ukundi kwezi guhera.
Micheline ni umwe muri bo. Agira ati: «Ni akamaramaza! Ejobundi namuye 2000F bivanye nuko amezi abiri yinjiranye mwo gutyo bankata 5000F vya ‘’tenue de compte’’ hamwe na 3000F vy’akaresi. Ndibaza ingene ngiye kubaho bikansiga ».

« Oya ntivyohora uko»

Abanyeshure bakuru mu basanzwe baserukira abandi, bafatiye ku myidogo y’abo barongoye, bahavuye batumiza ko inama ya mbere yo kwigira hamwe icokorwa maze bahita mwo gusaba ko bohindura umuhora amahera yoza araca mwo kugira ngo uduhera twabo tubashikire. Ni ko kwiyumvira ibanki CRDB, maze baca bigira inama yo gutuma ko abakozi b’iyo banki kugira ngo babasigurire ibijanye n’uturusho boshobora kuronka bataronka muri posita.

Hoba hari akarusho muri CRDB?

Nk’uko umwe mu baserukira abanyeshure yari yitavye inama ariko atashimye kwivuga izina abimenyesha, inama yabahuje n’abakozi b’ibanki CRDB yabashimishije kuko ngo vyagaragaye ko hari akarusho kaboneka bagereranije n’uko bimeze muri posita.

Cédric Ncutinamagara, akorera ibanki CRDB ari na we yari yarungitswe gusigura ingene bokorana, yamenyesheje ko hamwe bokorana boca babugururira ikonti yitwa «Compte étudiant», iyo na yo akaba ata mafaranga umunyeshure akatwa ku kwezi (frais de tenue de compte).

Yabandanije amenyesha kandi ko bo bazokwuguruza ikonti ku mafaranga 1000F gusa (umwe umwe). Ariko rero bivanye n’uko bamwe bamwe bashobora kutayaronka vyoroshe, ngo CRDB izorindira maze ico gihumbi gikatwe ku mafaranga ya mbere ashizwe kw’ikonti.

Vya bihumbi bitatu vyahora bisabwa ku karesi ntibizoba bigisabwa ukundi. N’umwizero mwinshi, umwe mu bari muri iyo nama yagize ati: «Hamwe vyokunda, tuzohora dukoresha ya karata bita Carte Visa électronique maze tuzohore twamurira udufaranga aho tugeze hose. Amahera agurwa iyo karata na yo (10.000F), twemerewe ko tuzoyakatwa kabiri mu mwaka (5000F muri Ruheshi na 5000F muri Kigarama). Ariko umunyeshure ahisemwo gukoresha akaresi, azohora akatwa 1500F uko abikuye amahera, nayo uwukoresha ikarata azokatwa 500F». Ngo igishimishije kurusha, ni uko n’uduhera tw’ingurane (découvert) dushobora kuzotangwa ku munyeshure adukeneye.

Cédric yagiriyeko anabamenyesha ko umunywanyi wa CRDB ashobora kubikura amafaranga aho ageze hose hari umukozi w’iyo banki nka kurya kwa ‘’Lumicash’’ mbere ko no mu kubaza ubutunzi afise kw’ikonti akoresha terefone ngendanwa.

Mwomenya ko abo baserukira abanyesheshure bagiye kubandanya babivugana ko n’abarongoye kaminuza y’Uburundi eka n’abanyeshure nyene kugira bose babihurije ko bafate ingingo yuko umupware yimukira ahamworohereza. Ariko, ngo bobanza gusinyiranira amasezerano n’iyo banki.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top