Jimbere

Kirundi French English
Ijwi ry'Abana

Umurimo w’urudandazwa ku bana bari mu kiruhuko hari ico wunganira

Mu gihe c’ici abana bose biga mu mashure yaba matoyi canke ayisumbuye bararuhuka ikiringo c’amezi 2. Muri ico gihe nyene udukorwa dutandukanye turatunganywa mu miryango kugira ngo abana baruhutse ntibapfishe ubusa uwo mwanya baba bafise, canke hagategurwa ibindi bikorwa bibahuza ku mitumba nama quartier babayemwo.

Muri ivyo bikorwa rero bitunganywa mu miryango abana barahabwa bimwe mu bidandazwa n’abavyeyi babo kugira badandaze canke bagasahiriza mu gihe abavyeyi babo basanzwe bakora uwo murimo wo kudandaza kugira ngo nabo bace baja mutundi dukorwa two mu rugo. Ivyo abavyeyi batari bake bita « kubamirira amate ».

Bertus Igiraneza umwana afise imyaka 13, Fabrice Irankunda w’imyaka 12 hamwe na Jean-Claude Bavugiyaremye nawe afise imyaka 13, ni bamwe mu bana twaganiriye tubasanze mu gisagara hagati ca Bujumbura, mu gihe bariko baradandaza ibiyoba ku ntaro batembereza kugira barondere uwubashorera.

Uko bakora urwo rudandazwa rwabo

Abo bana uko ari 3 bemeza ko buri munsi baburabira mu rugi ni kuvuga ko bavyuka hakiri kare cane nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’agatondo, bakabanza bagafasha abavyeyi babo gukaranga ivyo vyema no kubitekera, hama bagaca bafata akayira nko kuva isaha zitatu bagana muri ville : “Kenshi tuhaza n’amaguru kuva muri zone ya kanyosha iri muri komine Muha tudandaza buke buke, ariko haraho muhira abavyeyi baduha amahera ya bus aho tuba dutomboye.”

Bompi bemeza ko babona akarusho kadasanzwe mu kudandandariza mu gisagara hagati kuruta kuguma muri quartier basanzwe babamwo, abo bana twayaze bemeza ko ku munsi bashobora kudandaza ivyema biciye amafranga ibihumbi mirongo itatu (30.000Frbu) iyo baje kudandariza mu gisagara ca Bujumbura.

Intambamyi zo ntizibuze

Fabrice Iradukunda umwana muto murabo twaganiriye,yatuyagiye ko yigeze gufatwa yakwa ivyema vyiwe biciye ibihumbi icumi na bitanu (15.000Fbu) kandi babanje kumutwara muri kizunguzungu ariko agira amahirwe baramurekura : “ Uyo munsi narashavuye cane ndarira baranka kunsubiza ivyema vyanje kubera nari mfise ubwoba bw’uko mama wanje ataza kuvyumva ko babinyatse ariko baranka ahubwo baca babita hasi barabihonyora.”

“Ico urwo rudandazwa rutumariye ni ntangere”

Yaba Fabrice, Bertus hamwe na Jean-Claude, bose ntibadeha ko urwo rudandazwa rwabo rufise ico rubamariye kubera ko inyungu bakuramwo iheza ikazofasha mu kubagurira ibikoresho vy’ishure mu gihe hageze gusubira kw’ishure, igica gituma mbere bakorana ubwira n’ubukerebutsi ako kazi ko kudandaza ivyema atagahato k’abavyeyi kabayemwo. Bipfuza kandi ko muri kazoza kabo bokwiga amashure bakayarangiza hama bakazoba abandandaza bakomeye kubera ko bamaze kubitangura kandi ari n’umurimo ubanezera cane. Ku bwabo ngo igipolisi coreka kubahohotera kikorohereza abana badandaza mubihe nk’ibi vy’uburuhuko kuko ngo hakuja gusegerereza bo babona ko ari vyiza gukura amaboko mu mpuzu na rirya ari ibica bisahiriza ubutunzi bw’imiryango yabo.

Kino gisomwa canditswe na Don Ercy Igiraneza mu ntumbero yo guha ubumenyi abaciye mu mugambi « Enfants Journalistes » wa UNICEF ushigikira ijwi ry’abana ku bibazo bihanze abana.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top