Jimbere

Kirundi French English
UKUBANA

Uruhara rw’umuryango mu kuremesha uwugendana umugera wa SIDA

Narakize S. yari yarubakanye n’umugabo, maze imibano yabo ntiyabandanya , barateba baravana mumwaka w’1998. Iynyishu y’uko agendana umugera wa SIDA mu 2000 akiyibwirwa n’umuganga, avuga ko bitoroshe ingene asohoka aho ANSS ifise icicaro. Vyamusavye kurya umurima amenyo kugira mugenziwe babana bari bajanye kwipimisha  ntabimenyere aho

Nari umunyeshure yiga muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’2000. Nari mfise amakenga ko noba naranduye umugera wa  SIDA wariko urahitana abantu benshi . Niho nigira inama yo kwipimisha. Inyishu nayakiriye nk’uwo ijuru riguyeko. Nari naranduye umugera. Umuryango ntiwavyakiriye. Naragize ubwoba n’agahinda kenshi  n’ingene ubuzima bugiye kubandanya. Dushitse i muhira naciye mbwira uyo mukobwa mugenzanje twabana mucumba twiga ko twugara inzu. Nararize gushika aho atamarira ansigaramwo, nari namubujije ko naho hododora nde atugurura« .

S. Narakize amaze kuririra ubuzima bwiwe yaciye afata ingingo yo kubandanya amashure ya kaminuza. Kandi yahejeje atangorane, maze aca ararondera akazi akaronka bidatevye kandi bimworoheye. “Nashaka ko atamwanya wonjana naronse ikimfasha ».

Ikumigwa

Umukenyezi Narakize yarababajwe n’ingene ababanyi biwe bamaze kumenya ko agendana umugera wa SIDA batamworohereje na gato: « Sinashobora gutunga umukozi ngo ahamare kabiri, baca bamuja mumatwi ngo nzoheva ndamwanduza SIDA., agaca yigira« 

Ukwiyakira

Narakize S. ngo yagie kurema, aho agiriye gusenga, akumva umurongozi w’aho yasengera aratuye ko agendana umugera wa SIDA, aho hari i Bubanza. “Ivyo vyarankozeko gose , birandemesha ko najewe nzotangura kuremesha abandi batazi ko barwaye canke bacikumira« .

Ubu uyo mukenyezi ari murunani rw’abagendana umugera wa SIDA, bakaba bihaye intumbero yo gufasha abandi, ari mumirwi , ari mungo bakabasangayo.

« Ubu SIDA ntikiriza nk’uko yandiza kiriya gihe, aho wasanga uwuyirwaye apfa urupfu rubabaje”. Narakize akemeza ko iyo yipimishije atamugera wa VIH/SIDA bamusangamwo. “Ndashimira cane iterambere ry’ubuvuzi. Ibice 90 kw’ijana vy’abawugendana baronka imiti ipfupfahaza kandi haragwijwe ibibanza vyo gupimiramwo n’aho batorera imiti i Bubanza”

Narakize S.ubu arubatse, afise n’abana bavutse atanumwe afise umugera,. Akamenyesha ko ivyo vyashobotse kukonajijutse ko umuntu ashobora kubana neza n’umugera wa SIDA., N’abandi babikore.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top