Jimbere

Kirundi French English
Ijwi ry'Abana

Urwaruka rwo muri komine Ntahangwa mu gihe c’ici ntirwicara

Urwaruka ruriko rurakirira ibikorwa mu nyubako za Centre Jeunes Kamenge

Mu kigo c’urwaruka ‘Centre Jeunes Kamenge’ hariko harabera ibikorwa vyo mu ci ku rwaruka ruri mu kiruhuko (camp de travail mu gifaransa) kugira urwaruka ntiruje ku marigara mu gihe c’ici. Ivyo bikorwa bigabuye imice ibiri : mu gitondo bakora ibikorwa vy’iminwe, inyuma y’umutaga naho bakaja mu nyigisho aho biga kubijanje n’agateka ka zina muntu kurwanya Sida n’ibiyiherekeza hamwe no gusubiza hamwe.

Winjiye mu kigo Centre Jeunes Kamenge ku mutaga uhasanga urwamo rw’urwaruka ruriko ruva ku bikorwa rufise ibibido, inkorofani, amasuka n’ibindi. Wegereye gato ubona bamwe barondera amazi kugira boge bikureko imyanda. Inyuma gato bahejeje kwoga baca baja gutondera ivyo kurya kugira bafungure bamwe biba biboneka no mu maso baba bashonje. Ivyo biheze akanyamuneza kaba kabasya, kuko haba hageze umwanya wo kuruhuka.

Twarabegereye turabaganiriza.Gaddy Keny w’imyaka 16 avuga yuko yanse kwirirwa muri karitiye ayerera kuko muhira nta bikorwa vyinshi vyaba bihari yaca yirirwa arakina umupira ibitamuhimbara maze ubunebwe nabwo bugaca bumufata. We nyene yaciye yigira inama yo kuza kwiyandikisha kugira ngo aronke ikintu akora gishobora gufasha n’abandi. Nk’uko i muhira iwabo bavyakiriye neza kandi baramuteye intege ngo abandanye kuko bimufasha kureka kuja kw’irigara.

Mike Ahishize nawe ari muri ivyo bikorwa nawe avuga ko ivyo bikorwa yabitanguye mu 2016 iyo myaka yose vyamugiriye akamaro kanini kuko yashoboye kumenya ingene yokwiteza imbere ikindi ngo inyigisho zo kwirinda Sida hamwe n’ubushurashuzi zamwuguruye amaso aramenya gutandukanya icatsi n’ururo.

ivyagateka kawina muntu, gufashanya no kwikinkira ingwara zifatiye mubuhimba vyirorondoka

Baraniga ivyerekeye agateka ka zina muntu, irondoka rijanye n’amagara meza n’ibindi

Kubwa Alain Ntahiraja umwe mu bajejwe gukurikirana urwo rwaruka avuga ko ibikorwa babaha vy’amaboko inyuma y’umutaga naho bakabigisha. Hamwe hamwe haribonekeza abashaka kwanka gukora ivyo bikorwa ngo ntibokora mu vyondo. Ugasanga baratwenga n’abandi. Abo rero ngo biragoye cane kubimvisha ariko ngo ni ko kazi bajejwe.

Kubwa Blaise Pascal Nsabinganji ajejwe igisata c’amahoro n’ugusubizahamwe muri ico kigo, avuga ko ivyo bikorwa vyatanguye mu 1998 bakira urwaruka ruva mu ma zone agize komine Ntahangwa. Urwo rwaruka rukora ibikorwa vyo gufyaturira amatafari imiryango idafise ubushobozi bukwiye bwo kwubaka bakabaha amatafari 2500 ashobora kubaka inzu ikwiye. Si ivyo gusa barakora ibikorwa vyo gusibura amabarabara. Abo ba ntahonikora baba banditswe n’abajejwe intwaro.

Mu nyigisho batanga harimwo ivyerekeye agateka ka zina muntu, irondoka rijanye n’amagara meza, kurwanya Sida, ikiza koronavirusi hamwe n’icigwa co guhindura inyifato. Hatibagiwe kandi ivyo gutahurana, umwumvikano,ukubigisha ingene bokwishingira amashirahamwe yo kwiyungunganya hamwe n’uko bahabwa umwanya wo gukina inkino bashaka no kuraba amareresi bagaca babazwa utubazo.

Uwakurikiranye ivyo bikorwa azotahana amakaye 10 na boîte mathematical

Abandanya agira ati : « Turagerageza uko dushoboye kose kugira abana bafatwe neza nko kubafungurira kuko mu gitondo turabaha icayi ku mutaga bagafungura umuceri n’ibiharage. »

Ico kigo c’urwaruka kizokwakira urwaruka rungana 1200 mu migwi ine ni ukuvuga 300 ku mugwi harimwo ababakurikirana mu ntumbero yo kwikingira ikiza koronavirusi. Ivyo biri uko mu gihe bahora bakira urwaruka 2000 mu migwi ine nyene n’ukuvuga 500 ku mugwi harimwo n’ababakurikirana.

Inyigisho ku gateka k’abana na zo ngo ziratangwa bafashijwe na UE (Union Européenne). Izo nyigisho zirafise ico zimara kuko kuva batangura baramaze kuronka bamwe mu batanguye kubikora kera babashingira intahe babereka ico bashitseko mu buzima bwabo. Ivyo bikabaha kwizera ko n’abandi bizobagirira akamaro.

Muri ivyo bikorwa bariko barakora barafashijwe n’ishirahamwe ry’abadagi ryegamiye Ekleziya Katolika Misèreole mu kubaronsa ibifungurwa na UNFPA mu kubaronsa ibikoresho vy’ishure.

Izo nyigisho zirafasha kuko hari bamwe mu rwaruka bahitamwo guhinduka kubera inyigisho babaha, aho atanga akarorero k’abana banka gukora mu vyondo ngo bocafura, abanywa nk’itabi, n’abandi. Arangiza atera akamo abavyeyi batarajijuka ngo barungike abana babo mu bikorwa kuko ngo ni ku neza yabo, baharonkera ubumenyi bwinshi.

Mwomenya rero ko ivyo bikorwa biheze, umwana wese azotahana ibikoresho bigizwe n’amakaye 10, ‘boîte mathématicale’, hamwe n’ibindi bikoresho vy’ishure.

Kino gisomwa canditswe na Aude Princia mu ntumbero yo guha ubumenyi abaciye mu mugambi « Enfants Journalistes » wa UNICEF ushigikira ijwi ry’abana ku bibazo bihanze abana.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top