Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

Urwaruka rukwiye kwitaho ivyo kwipimisha umugera wa SIDA

Mu gihe ikiza ca SIDA kigisasika inganda kw’isi yose tutibagiye mu Burundi , urugero rw’urwaruka rwipimisha ruracari ruto. Mu kibano, kenshi biragoye ko umuvyeyi abwiriza abana biwe kuja kwipimisha, kuko aba adashaka ko bumva umenga yabiketse ko har’aho boba bawanduriye, na canecane mu kugira imibonano mpuzabitsina. None bobivuga gute ?

Ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe ry’amagara y’abantu kw’isi yose OMS vyerekana ko umugera wa SIDA kugeza ubu umaze guhitana ubuzima bw’abarenga imiriyoni 36 n’ibice 3 kw’isi yose. Mu 2020, abantu 680.000 barapfuye bishwe na SIDA, abababa umuriyoni n’inusu nabo barandura umugera VIH. Muri ico gihe nyene abanyafrika imiriyoni 25 n’ibice 4 bari mu gace OMS ikoreramwo bari bagendana uwo mugera. Icegeranyo EDS 2010 , cerekana ko mu Burundi urwaruka rwo mu bisagara rwandura umugera wa Sida kugice kimwe n’ibice 4 iruhande y’urwaruka rwo mumisozi rwo ruri kurugero rw’ 0 n’ibice 4.

None kwandura bisigura kuba wakoze imibonano mpuzabistina gusa?

Uretse abandura biciye mu mibonano mpuzabitsina hari abandi bayandura bandukijwe n’abavyeyi babavyaye, iyo bakoresheje ibitobora uruhu vyatoboye uwurwaye uyo mugera. Aho twovuga nk’abasangira inzembe, utwuma dukata inzara (coupe-ongles), imijigiti, ishinge zo gutobora amatwi n’ibindi. Ivyo vyose igihe bisangiwe bitabanje gucishwa mu miti yica imikorobi n’imigera birandukiza ingwara z’ivyuhizi nka Sida. Ariko ubwo uburyo bwo kwandura ntibufise urugero runini cane.

Rero, si agaseseshwa rumuri ko kwipimisha bituma umenya uko amagara yawe ameze, ukaba wikingiye ugakingira n’abo mubana

N’urwaruka biraruraba

Ngaha mu Burundi, kwandura umugera wa Sida vyama bikurikirana n’ukwikweka ko wahuje ibitsina n’uwuyigwaye. Ivyo bigatuma n’abaja kwipimisha akenshi bagenda binyegeje kandi bafise ubwoba. Urwaruka rufise imyaka iri hagati ya 15 na 18, ivyo kwipimisha ntirubibona kumwe. Bamwe babifata nk’ibintu vyagenewe abakuze canke abipfuza kugira ubugeni eka hari n’ababona ko atamibonano mpuzabitsina umaze gukora bidakenewe kuja kwipimisha. Gutyo urwo rwaruka rugasanga rimwe na rimwe rwaguye mukaga kukutamenya.

Kubwa muganga Muhoza Arnauld akorera kubitaro vya komine Gitega, ngo kera urwaruka rwaratinya kwitura abaganga ariko ubu ama centres de santé « umugenzi w’urwaruka » kuva aho aziye, urwaruka rurahimirizwa kwipimisha umugera wa Sida n’indwara zifatiye mu bihimba vy’irondoka. Kamariza Aline, umuvyeyi wo mu gisagara ca Bujumbura afise abana batatu b’abigeme ashimangira ati : « Ni ukuri, umwana wanje azopfa gukwiza imyaka 12 nzoca ndamurungika kwipimisha kuko niho azokura azi amagara yiwe mbere azi n’uko yokwikingira »

Ariko ico ciyumviro ntigifise abavyeyi bose. Nk’uko muganga Arnauld abandanya abisigura, ntibikunze kuboneka cane aho umuvyeyi aherekeza umwana wiwe kwipimisha uretse igihe aba yafashwe kunguvu canke yiketse ko akora imibonano mpuzabitsina

Twibutsanye ko uwambere akwiye gukingira amagara y’umwana ari umuvyeyi,arico gituma buri muvyeyi akwiye kwicarana n’umwana akamusigurira akamaro ko kumenya ibipimo vya Sida hakiri kare. Akongera akamwigisha uko yoyirinda

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top