Ururimi rw’ikirundi rubitse ubutunzi bwinshi. Ivyo ni ivyagaragariye mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire. Vyari vyatunganijwe n’ishure Kaminuza ry’Uburundi ryifadikanije n’ikigo CEBULAC.

Denis Bukuru, Umwigisha wa kaminuza mu gisata c’indimi n’imico kama y’abanyafirika ati: “Mwari muzi ko hamaze kwandikwa mu Kirundi ibitabu vy’imitsindo vy’abarangiza kaminuza bishika ijana”? Uyo muhinga aragaragaza ibintu bitandatu abarundi bihendako ku rurimi rwabo:

Ngo ikirundi kirakenye ? Bukuru arabibeshuza. Ati : “Ikirundi kirafise amajambo atomoye ashobora gushikiriza ivyumviro birashe vy’ubumenyi n’ubuhinga bwa none”. Uburorero atanga ni: umuyagankuba, ikigendajuru, imitsi nsanzazamaraso ni amajambo y’ubuhinga abarundi badafise ariko bakoresha.

Ferdinand Mberamihigo we avuga ati: “Ni twaba tuvuga ko ikirundi gikenye, duce twemera ko n’izindi ndimi zikenye”. Atanga akarorero k’amajambo ururimi rw’ikirundi rufise, ariko mu rurimi rw’igifaransa atabaho canke bataronkera insiguro. Akarorero: Gutengata, amakaba, amarindira,… Hari n’ayandi majambo y’ikirundi yikwije, ata jambo rimwe riyasigura rihari mu gifaransa. Ni nk’aya: Guheka (mu gifaransa: porter sur le dos). Ferdinand ati « porter sur le dos » nticama gisigura mu kirundi guheka. Muri make ati « nta rurimi rukenye, rumwe rwose ruvuga ivyo rukeneye ».

Ikirundi ngo ntikirenga imbibe? Ishwi mama! Ikirundi kirarenga imbibe mbere kigashika no mu makungu. Bukuru ati: “Mu Burundi ikirundi kivugwa citwa ikirundi, mu Rwanda citwa ikinyarwanda, muri Congo citwa ikirundi canke ikinyamurenge, muri Tanzaniya kivugwa ari Igiha, igihangaza canke igishubi, muri Ouganda kivugwa citwa ikivubira,… mbere kiravugwa no mu mahanga hose ahantu haba abarundi canke ku masamirizi mpuzamakungu nka BBC na VOA).

Ikirundi ngo ni co kuvuga gusa? Ahibambe we! Umuhinga Denis ati “Biratangaje ingene inama, ijambo, ubutumire,… bitegurwa mu Kirundi yamara hageze gushikiriza icegeranyo kigatangwa mugifaransa”. Ivyo vyerekana ko abarundi twibaza ko ikirundi ari ico kuvuga gusa. Hageze kwandika tugakoresha izindi ndimi. Denis we arayica umurya. Ati: “Mbega nko gukora umugambi, ukawandika ku capa mugifaransa hanyuma ugaca ugishinga mu murima w’ibigori aho abagisoma batumva urwo rurimi bisigura iki? Ba kimyozi nabo nyene ati batangaza mu gifaransa ubuhinga bwabo bafise mu kumwa kandi bamwa mu Kirundi ». N’ubundi burorero bwinshi.

Ngo ntawokwandika ubutohoji mu Kirundi... Dufatiye nko ku mwanditsi Ntahokaja Jean Baptiste, ibice birenga 70% vy’ubutohoji yagize yabwanditse mu Kirundi. Muri make ibitabo vy’imitsindo bimaze kwandikwa n’abamaze kaminuza birashika ijana.

Ikirundi ngo nticotira amajambo mu zindi ndimi… « Eka da! Hari amajambo menshi mu kirundi dukoresha tutazi neza ko ari amarahurano. Ehe nawe irabire: ikawa, igitabu, ikaramu, isaha, isahani,… ayo n’amajambo yatiwe mu carabu aciye mu giswahili », nk’uko umwigisha Bukuru abisigura. Arabandanya ati: « Ishati, uburengeti, imodoka ni amarahurano ava mu congereza. Ijipo, ibiharage, itabi… na yo yavuye mu gifaransa. Patiri, imisa, umukirisu,… ayo yose yatiwe muki latini. »

Ikirundi coba cononwa n’urwaruka. Habe n’intete! Bukuru ati: “Ukutacitaho kumenya ivya kera ngo tubivuge mu kirundi, no kutamenya ivy’ubu mu kirundi ni vyo vyonona ururimi kuko abakiri bato barahura ivyo bavuga babikuye kubakuze, mu nsamirizi, mu nama mu mashengero, mu binyamakuru, n’ahandi”. Gertrude Kazoviyo na we ati: “Ikirundi nticahawe ikibanza gikwiye mu mashure”. Aha afatira kumasaha make cane ahabwa ikirundi ugereranije n’ururimi rw’igifaransa n’icongereza.

A propos de l'auteur

Articles similaires

Les règles du Forum Jimbere

Le contenu des commentaires et des posts ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur au Burundi. Sont notamment illicites les propos injurieux, racistes, antisémites, appelant à des divisions ethniques, régionales ou à la haine, divulguant des informations relatives à la vie privée d’une tierce personne, utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, images) sans mentionner la source.
L’Équipe Web de Jimbere se réserve le droit de supprimer tout commentaire susceptible de contrevenir à la présente charte, ainsi que tout post hors-sujet, répété ou promotionnel. Pour la commodité de lecture du Forum, il est interdit de poster un commentaire rédigé en lettres capitales.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

leo. tempus et, Praesent consectetur ut pulvinar risus lectus