Imico imwimwe y’ikirundi, inda zitipfujwe, ugutotezwa… ni zimwe mu nzitizi zibuza abana kubandanya ishuri mu Burundi. Kuri uyu wa 14 ntwarante, ikinyamakuru Jimbere caganiriye n’abanyeshuri bo kw’Ishuri ryitiriwe Umubirigi (Ecole Belge) intambamyi urwaruka ruhura mu mashuri n’ingene rwokwumíra kw’ibanga ry’ukwiga

Akanyamuneza kaharangwa ntiworaba, ariko reka banezerwe ni ko, bunze ubumwe! Abazungu, abirabure, abadimudimu, bose bayaga ururimi rumwe kuko bagize ishuri umugenzi. Ibitabu vy’ugusoma, abigisha babishoboye, imashini z’ubuhinga bwa none ziharangwa, emwe ni ukwidoradoza! Kukaba nkako, ishuri n’iryo soko ry’ubumenyi n’iterambere!

Naho biri ukwo, abanyeshure bo kuri iryo shuri baramenyeshejwe ko ubukene, intambara, indwara, imico imwimwe y’ikirundi, ugukumirwa, uguhohoterwa, habaye haravugwa ivyo gusa, ko hari aboshobora kubifatirako mu kubona ko umengo hari ho abagenewe kwiga n’abandi kwiga bavyiyumvira nk’umugani. Maze bakagira bati: “ Hobe ivyansize”! Haba namba! Niho rero hasigurwa uruhara rwa Unicef ku bijanye n’indero y’abana aha mu Burundi… Kuko ukwiga ni inzira irashe ishikana kw’iterambere ridakumira.

Unicef, “Hora mwana”!

Nta mwana wo kuburizwa uburenganzira bwiwe bwo kwiga bivanye n’ico ari canke urukoba rwiwe. Ahubwo arakeneye gukingirwa, agahabwa uburenganzira bwiwe bwose. “Unicef ihari kubera hariho abana. Iharanira gukingira agateka kabo no kubafasha mw’iterambere” . Vyavuzwe na Etienne Niyongabo, araba ibijanye n’imiyabaga muri Unicef. Ni naho iryo shirahamwe mpuzamakungu ryashinze umugambi waryo “Twige twese”, uronse ibikoresho vy’ishuri abana bose bakwije imyaka yo kwiga n’abasanzwe biga mu mashuri shingiro kugira baje kw’ishuri kandi bayaheze.

Ny Lova Mbolahery Rajonson umuhinga w’indero muri Unicef avuga ko biciye mu mugambi “Twige twese”, Unicef ihimiriza abana bose kwijukira ishuri, ikanahamagarira abahevye bivuye k’ugutwara inda, gutotezwa,… gusubira kwiga

Ny Lova Mbolahery Rajonson umuhinga w’indero muri Unicef avuga ko biciye mu mugambi “Twige twese”, Unicef ihimiriza abana bose kwijukira ishuri, ikanahamagarira abahevye bivuye k’ugutwara inda, gutotezwa,… gusubira kwiga. Agira ati: “Umwana wese w’umurundi agikwiza imyaka itandatu ategerezwa kujanwa kw’ishuri, yige agere mu w’icenda, akore ikibazo abandanye igice ca kabiri c’inyuma y’amashuri shingiro, uwudatoye ikibazo na we aje mu y’imyuga.

Abana bo kuri Ecole Belge barabajije ibibazo vyinshi bijanye n’ubuzima abana ba ruguru babayemwo. Nko kumenya amaherezo y’abadashoboye gutora ikibazo gitanga uruhusha rwo kujabuka ishuri nshingiro, uko abakobwa bagiye mu butinyanka babigenza kandi hazwi ko amikoro y’imiryango myinshi mu gihugu idashemeye, ikibazo c’amashirahamwe avuga ko aharanira inyungu z’umwana mugabo abana benshi bakabandanya baba mu buzima bugoye, n’ibindi n’ibindi.

Jimbere kw’ishuri

Ikinyamakuru Jimbere gifashwe mu mugongo na Unicef, carerekanye ko kw’ishuri umwana ahura n’ingeramizi nyinshi zishobora gutuma ata akomoka. Si ikinyegezwa: hari inkoni, ibitutsi, amabi afatiye ku gitsina, agasuzuguro, kuryagagurwa, guhohoterwa, gukumirwa, inda zitipfujwe… Martine Nzeyimana, arongoye uruganda rwandika ibijanye n’uraruka mukinyamakuru Jimbere ati: « Birakwiye rero ko agateka k’umwana kubahirizwa, akigishwa neza maze akanaronswa n’ibitabu, kugira abone kwiga ata co yinona ».

Ni naho abamenyeshamakuru b’abana ba Unicef babonekera, mugufasha guhimiriza Abarundi, na cane cane abatwara, ngo biteho gutorera inyishu z’inzitizi zituma abana batiga neza, canke ngo baje kw’ishuri. Inamigisha Noëlla Chelsea, umwe muri bo, agira ati: “Kumenyesha amabi yose abana bakorerwa , .., kubakaburira gukunda ishuri, kugarukana kw’ishuri abahevye, biri mu mikorere yacu. Ni vyo dushimikirako cane”.

Inamigisha Noëlla Chelsea, umwe mu bana b’abamenyeshamakuru bakurikiranwa na UNICEF

Jassalh Saleh Assissa yaserukiye Ubushikiranganji bw’indero y’amashuri matomato n’ay’isumbuye hamwe n’ay’imyuga, abona ko ari ibara ku mutemere kw’umva ko hakiri inkoni ku mashuri. Agira ati: « Kw’ishuri ntategeko na rimwe ryemerera umurezi gukubita umuregwa, kuko uwuramutse abikoze ahanwa hisunzwe amategeko abagenga».

Ahasigaye, Jassalh Saleh Assissa yagize ati: « Reta yashize amashuri n’amagara y’Abarundi imbere mu migambi yayo y’iterambere ry’igihugu ifatiye kuri bose. Ni vyiza ko ibiyago nk’ibi biba kugira ngo urwaruka nka mwebwe rumenye ibiriko birakorwa n’inzitizi mu bijanye n’indero, maze umunsi uri izina mwakuze, muze mugire ico muterereye mugushigikira ineza ya bose ».

Jassalh Saleh Assissa yaserukiye Ubushikiranganji bw’indero y’amashuri matomato n’ay’isumbuye hamwe n’ay’imyuga, ati: « Kugira ishuri nshingiro abana baryige ku buntu, ni akigoro kadasanzwe, gasaba ukwitanga kwinshi »

Ubutaha, ikinyamakuru kizogendera ishuri SOS.

A propos de l'auteur

Articles similaires

Les règles du Forum Jimbere

Le contenu des commentaires et des posts ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur au Burundi. Sont notamment illicites les propos injurieux, racistes, antisémites, appelant à des divisions ethniques, régionales ou à la haine, divulguant des informations relatives à la vie privée d’une tierce personne, utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, images) sans mentionner la source.
L’Équipe Web de Jimbere se réserve le droit de supprimer tout commentaire susceptible de contrevenir à la présente charte, ainsi que tout post hors-sujet, répété ou promotionnel. Pour la commodité de lecture du Forum, il est interdit de poster un commentaire rédigé en lettres capitales.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

pulvinar diam quis luctus commodo consectetur massa