Uburundi ntibugitangwa mu nkino za judo zitunganywa ku mugabane wa Afirika mu ntumbero yo kwironderera amanota azotuma bwitabira amahiganwa yo ku rwego rw’isi. Kandi buramutse bushitseyo, ntibutaha imbokoboko

Nk’uko tuvyiganirwa na Phocas Mpezindagano, umunyamabanga mukuru mw’ishirahamwe rya judo mu Burundi (FBJ), « hari amahiganwa aba rimwe buri mwaka, n’ayandi bita ay’ ibikombe vya Afirika ». Ayo mahiganwa akaba atunganywa n’ibihugu bivyishakiye aho abavyitabiriye bahungukira amanota.

Ni muri iyo ntumbero kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika 3 Ruhuhuma, Uburundi bwatunganije amahiganwa yahuza urwaruka n’imiyabaga yo ku mugabane wa Afirika. Uburundi bukaba bwerekanyemwo ubuhinga mu gutahukana ikibanza ca mbere hamwe n’imidari y’inzahabu, ifeza n’imijumbu yose hamwe ingana na 71.

Budakeye na kabiri, igihugu ca Senegal na Tchad vyaciye bitunganya na vyo nyene amahiganwa, aho Uburundi bwaserukiwe n’abakinyi batandatu, abahungu bane n’abigeme babiri. None ho vyagenze gute?

Umwimbu bakuye muri Senegal na Tchad

Phocas Mpezindagano agira ati: “Ubu tugenda duhagaze, twemye, ata soni dufise kuko twariteye iteka turerekana ko Uburundi ari igihugu gikomeye mu rukino rwa judo kugeza naho ibindi bihugu, inyuma yaho tubereye aba mbere aha mu Burundi, bisigaye bidutamarira”.

Ku wa 14 Ntwarante mwak’uyu, isaha umunani z’umuhingamo ni ho imiyabaga n’urwaruka rukina urukino rwa judo baherekejwe n’umumenyereza wabo Bigirimana François bahaguruka ku kibuga c’indege ca Bujumbura baja mu gihugu ca Senegal mu rukino rwabaye kuva ku wa 16 – 17 ntwarante. Bigirimana François umumenyereza w’abakinyi agira ati: “ Naho tutabaye aba mbere urukino rwagenze neza. Twahakuye imidari 3 y’inzahabu, 1 w’ifeza n’3 y’umujumbu hamwe n’ikibanza ca gatatu”.

Avuga kandi ko iyo Fleury Nihozeko atagira akagorane mu rukino rwiwe rwa mbere, imidari yari kwiyongera kuko uyo mukinyi azwi cane mu rukino rwa judo. Bavuye muri Senegal baciye baja muri Tchad mu mahiganwa yabaye kuva ku wa 23 – 24 Ntwarante. Bigirimana ati:” Abakinyi barakoze ibikora inka i Ndjamena muri Tchad, batahukanye imidari 3 y’inzahabu, 2 y’ifeza n’2 y’umujumbu hamwe n’ikibanza ca kabiri”.

Muri ayo mahiganwa yabaye muri Senegal na Tchad, Uburundi bwahakuye imidari yose hamwe 14 harimwo 6 y’inzahabu, 3 y’ifeza n’ 5 y’umujumbu.

Hakozwe iki ?

Bigirimana François agira ati:” Twarahuye n’abakinyi bakomeye cane bo mu bihugu vy’abarabu nka Tuniziya na Maroke, turabatsinda. Kuba rero tutabaye aba mbere vyavuye ku bakinyi bake twajanye biturutse ku mpamvu yuko uburyo dufise atari ikirenga. Iyo twajana abakinyi benshi bashika nka 20 canke 30, nta nkeka ko twari gutahana ikibanza ca mbere kuko ababaye aba mbere bavuye mu gihugu categuye amahiganwa” .

Niragira Ange Siella, ni umwigeme akina urukino rwa judo, mu batarenza ibiro 70. Ku mahiganwa aherukamwo agira ati: « Naho abakinyi bo muri Senegal bakomeye, nta judo baturusha kuko narahakuye umudari w’inzahabu mu miyabaga. Tugeze muri Tchad naho nyene natwaye umudari w’inzahabu mu rwaruka. Ico bompi baturushije catumye tutaba aba mbere ni ubwinshi bw’abakinyi gusa bazanye, nayo judo turayibarusha”.

Mw’ishirahamwe ry’urukino rwa judo mu Burundi, bafise ihangiro ryo gushikana abakinyi mu mahiganwa yo ku rwego rw’isi, ibendera ry’Uburundi rikaduzwa mu makungu atari kubera Uburundi bwitabiriye amahiganwa, ahubwo kubera ko ari umukinyi canke Uburundi bubaye ubwa mbere.

Les règles du Forum Jimbere

Le contenu des commentaires et des posts ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur au Burundi. Sont notamment illicites les propos injurieux, racistes, antisémites, appelant à des divisions ethniques, régionales ou à la haine, divulguant des informations relatives à la vie privée d’une tierce personne, utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, images) sans mentionner la source.
L’Équipe Web de Jimbere se réserve le droit de supprimer tout commentaire susceptible de contrevenir à la présente charte, ainsi que tout post hors-sujet, répété ou promotionnel. Pour la commodité de lecture du Forum, il est interdit de poster un commentaire rédigé en lettres capitales.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

justo Nullam lectus venenatis, risus Aliquam libero.