Uburundi buhagaze neza cane ku mugabane wa Afirika mu rukino rwo kunagana (jido), aho mu nkino z’igikombe ca Afirika ku miyabaga hamwe no kurwaruka zabereye i Bujumbura, bwerekanye ubuhinga budasanzwe mu kwiyegeraniriza imidari.

Ku ma genekekerezo ya 2–3 Ntwarante mu nyubakwa ikinirwamwo urukino rwo kunagana (jido) i Bujumbura harabereye ihiganwa ryakaroruhore.
Abarorerezi ntibatanzwe, abato n’abakuze bari bahishikiye kwihera ijisho ndetse no gushigikira urukino rwo kunagana rukinwa n’imiyabaga itarenza imyaka 17 hamwe n’urwaruka rukiri ruto rutarenza imyaka 21. Akamo k’umunezero n’amajwi ashimagiza amazina y’abakinyi b’uburundi ni vyo vyarangwa muri ico kibanza carimwo kiraberamwo amahiganwa y’ukunagana yahuza ibihugu vya Afirika aho ibihugu bitandatu vyitavye iryo higanwa: Uburundi, Urwanda, Kenya, Tchad, Senegal na RDC.

Abakinyi b’abahungu n’abakobwa b’Uburundi badugije ibendera ry’igihugu cabo ururirimbo ruhayagiza igihugu rurasamirana rw’isubiriza, imidari itandukanye, iy’inzahabu, ifeza n’iy’umujumbu ni yo yarangwa mu bikiriza vyabakinyi,ibiganza bihagatiye impampuro zerekana ko barushije abandi hamwe n’amashurwe abereye ijisho.

Ntawusangira n’uwutabega

Si agaseseshwa rumumuri uwo ari we wese, yaba umurundi canke umunyamahanga yari yahishikiye yobara inkuru ko urukino rwo kunagana rwifashe neza cane mu Burundi.
Ubuhinga butari bumenyerewe bwaribonekeje mu bakinyi b’Uburundi maze ivyo bikaba vyatumye Uburundi butahukana ikibanza ca mbere n’imidari yose hamwe 71 harimwo 23 y’inzahabu, 25 y’ifeza na 23 y’umujumbu.

Abarundi bati: «Ntawusangira n’uwutabega», igihugu ca Tchad ni co caje mu kibanza ca kabiri n’imidari 5, mu kibanza ca gatatu haza Senegal n’imidari 4 ubwa kane haza RDC n’imidari 3. «Nta rubanza rubura imperekeza» ni ko abakurambere bavuga, Igihugu c’Urwanda n’ica Kenya vyaherekeje ibindi kuko vyasubiye inyuma imbokoboko.

Umunezero mu bakinyi.

Niragira Ange Siella afise imyaka 17,ni umuyabaga akina mu bafise ibiro 70,akaba yatahukanye umudari w’inzahabu mu bakinyi batarenza imyaka 17.Umudari mu gikiriza, akanyamuneza kamusya, yagize ati: «Yari amahiganwa atoroshe,nahuye n’abakinyi bakomeye cane aha novuga nk’umukinyi wo muri Senegal n’uwo muri Kenya mu vyukuri ntivyanyoroheye kubava imbere, ariko bivuye ku buhinga n’imyimenyerezo myinshi nakoze nabarushize».

Ndahabonyimana Kevin afise imyaka 20, akina mu bafise ibiro 60. umuraba ntiwokwibwira ko yoshobora kunaganika abandi akabatwara umudari, ariko ubuhinga n’ubunonotsi bwiwe ni bwo bwamwambitse umudari w’inzahabu. Kevin nk’abandi barundi bose aremeza ko atawurya akatamugoye kandi ko uwushaka umubira abira akuya. Agira ati: «Nta vyizana biraronderwa, ibi vyose vyavuye mu myimenyerezo myinshi tugira hamwe no kugendera ku mpanuro duhabwa n’abatumenyereza».

Ubuja gusha buratagata

Valery Manirakiza arongoye ishirahamwe rya jido mu Burundi, arashimishwa nuko imikangara n’urwaruka bitwaye neza. Avuga ati:« Ikinezereje cane si imidari turose ahubwo ni uko turiko tumenyereza urwaruka rwacu gukina n’abakinyi mpuzamakungu bikaba bigaragara ko imbere ari heza mu mahiganwa mpuzamakungu akomakomeye twimirije».

Ukuba Uburundi bwarashoboye gutunganya no gufata neza amahiganwa vyatumye bubonwa neza n’abaserukiye umugwi wa jido muri Afirika gutyo bugirirwa icizere co kubandanya butegura amahiganwa azoza araba uko umwaka utashe.

Les règles du Forum Jimbere

Le contenu des commentaires et des posts ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur au Burundi. Sont notamment illicites les propos injurieux, racistes, antisémites, appelant à des divisions ethniques, régionales ou à la haine, divulguant des informations relatives à la vie privée d’une tierce personne, utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, images) sans mentionner la source.
L’Équipe Web de Jimbere se réserve le droit de supprimer tout commentaire susceptible de contrevenir à la présente charte, ainsi que tout post hors-sujet, répété ou promotionnel. Pour la commodité de lecture du Forum, il est interdit de poster un commentaire rédigé en lettres capitales.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

libero Donec felis commodo odio commodo porta. velit, leo. diam nec